Intangamarara

Sangwa ikaze ncuti namwe basomyi ba site “Ntare.org”. Ni iteka n’umunezero vyo kubamenyesha ko twatanguye icese kubashikiriza amakuru. Tuzokorera ku bisata bitandukanye vy’ubuzima nk’ikimenyeshamakuru gikorera mw’isi. Amakuru tugiye kuja turabashikiriza nayo mu bihugu vy’ibiyaga binini muri Afrika , ariko na cane cane amakuru yerekeye igihugu c’u Burundi.
Itorwa ry’igihugu c’u Burundi si giturumbuka haba namba. Muti none vyavuye hehe? Intare mu Burundi camye ari igikoko gifatwa nk’umwami w’ishamba. Ivyo biri kandi mu migani n’ibitito vy’ikirundi. Izina Intare kandi rivuga mu Burundi ingoma ya cami kuko n’umwami wa mbere w’uburudi yitwa Ntare. Guha iryo zina ikimenyeshamakuru cacu ni insiguro ikomeye cane. Ubwa mbere kuba abatagira imbibe nk’umwami mu makuru tuzoja turabashikiriza. Intererano zanyu canke akagohe muzotuvunira tuzovyakirana urweze ngo dukore koko ikinyamakuru c’akarorero. Ntare.org candika mu gifaransa, mu congereza no mu Kirundi. Twifuza kandi ko ikimenyeshamakuru cacu kitoba katiyunguruza ahubwo ko cotera imbere nk’umuzinga mu gushikiriza amakuru abo bose bayanyotewe bari kumpande zine z’isi. Imvo zadutumye nuko hari benshi babayeho mu kutamenya canke kwigira sindabibazwa mu bibazo igihugu cabo kirimwo canke bakavyibagira kuberako bataronka ababibibutsa na ntaryo. Reka tugezaha ntamarwa ararekwa.
Ni kuri iri jambo ry’intangamarara tubakirije muri site Ntare.org. musangwe ikaze. Muzodushimira kuvyo twaranguye, bibashimishije natwe bizotunezera biduhe intege n’umwete vyo gukorana ubwira n’ubukeretsi murakoze.