INKURU IMAZE IMISI MURI ADPR Y’ABABANA BAHUJE IBITSINA(LGBTQ)

Mu misi iheze,habaye amakuru menshi avugako mu rushengero rwa ADPR mu Rwanda hari habaye igikorane co guhimbanza no Gutazira Imana.hari hitabye n’abashitsi b’abazungu bavuye mu mahanga.

Igikorane kiriko kiraba,niho hibonekeza umutumire w’umuzungukazi asohoye igitambara gifise amabara nkayi darapo ry’ababana bahuje ibitsina (LGBTQ); ya razunguza nyagitambara incuro nyinshi, mugihe abandi bari gutazira no guhimbanza.

Vyarateye amakenga cane abayoboke ba ADPR ,gushika aho umukuru wishengero yahagurutse arabwira uwo mukenyezi wumuzungukazi ahagarike kuzunguza iryo darapo, Acarahagarika, arazinga nya darapo,araribika.

Icatumye abantu bakara bakabivuga cane gose nuko idarapo risa niryo ryabonetse muri ADPR ryasubiye kugaragara mw’ishengero ANGLICAN y’Ibyumba.Abantu benshi bibaza ko abo bazungu bari batumiwe murayo mashengero bari babiteguye.

Abandi bakibaza ko abo bazungu nyene boba bari bahaye amafaranga kubakuru bayo mashengero kugira bashigikire ivyo vyabantu babana bahuje ibitsina (LGBTQ).

Ikinyamakuru cacu nticokwemeza ivyo abantu bariko bibaza kuko atacemezo kigaragara gihari

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *