Ingingo ishinga ivunjwa ry’amafranga mu Burundi yateye uruhagara kw’isoko ry’amafaranga

Inyuma y’ingingo zo gusubiramwo ikoreshwa ry’amafaranga y’agaciro mu Burundi zasohowe n’ibanki nkuru ya republika y’uburundi, BRB kw’igenekerezo rya 17 Nyakanga 2019 haramaze gufatwa abavunjayi cumi na babiri kuva kuwa gatatu gushika kuwa kane igenekerezo rya 26 na 26 nyakanga 2019. Uwatanguye gufatwa ni umugwizatunga batazira Kirahwata yagirizwa kudandaza amafaranga y’agaciro  kubiciro binyuranye n’ivyo BRB yashinze, […]

Sentare nkuru ya Mukaza vyayitaye kuw’amazi guca urubanza rwa Interbank Burundi

Abacamanza biyo sentare basavye ko urubanza rusubizwa mw’ido n’ido imburano zigatangura gushasha. Baca bategeka ko harenguka kandi abaserukira ibanki nkuru ya repubulika BRB n’abaserukira banki yitwa Trust Marchant Bank. Iyo ngingo yafashwe kuri uyu wa mbere itarike 15 z’ukwezi kw’indwi mu ntahe y’icese ariko ivy’urubanza rwaciwe bikaba vyamenyekanye bukeye kuwa kabiri. Bimenyeshejwe na sentare nkuru […]

Ishirahamwe ry’ama banki muri Kongo risaba ko hoba inguvu zikwiye mu kurwanya ikoreshwa ry’amafranga yanduye

Ivyo basaba bifatiye ku bihano ama banki yo mu bihugu bitandukanye aranka irungikwa canke ukwakira amafranga y’amadollari aja canke ava mu gihugu ca Congo. Igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika n’ibisata bijejwe ivy’ubutunzi bw’ico gihugu basavye ama banki akorera mu gihugu ca Congo gukora ibishoboka vyose ngo barwanye ikoreshwa ry’amafranga yanduye rimwe na rimwe […]

Ingingo zikomeye ku mafaranga leta izokoresha mu 2019-2020 ziteye amakenga

Mw’itangazo basohoye kuri uyu wa gatatu 5 Ruheshi, ishirahamwe OLUCOME risanga reta igiye gushiraho ayandi makori mashasha. Ni ingingo z’amakori zikomeye kandi zikandamiza umunyagihugu, nk’uko OLUCOME ribivuga Iyo ngingo nshasha ni izerekeye isubirwamwo ry’amakori ku mafaranga umuntu aba yinjije,ku kuntu umuntu arihira ibidandazwa vyinjira mu gihugu, ikori rya komine, ikori ry’ubutaka, ku bagurisha canke abagura […]

Abakozi b’ishirahamwe rikorera muri BRARUDI baratabaza

Barenga 500, bagakorera ishirahamwe ryitwa TCS (training society company) rikorera muri BRARUDI, iri naryo rikaba rikora ibinyobwa barasemerera bavuga ko bafatwa nabi. TCS ni rimwe mu ma shirahamwe yahawe gukora ibikorwa bimwe bimwe BRARUDI risanzwe rikoresha abakozi benshi bagizwe n’abafundi, bakora mu mirongo y’inzoga, gukora ibiba vyononekaye,… Abo bakozi bavuga ko bafatwa nabi, mu maso […]

Itegeko rigena amafranga reta izokoresha ntaho rivuga ivyamafranga atekererwa abashingamateka bahejeje ikiringo

Inama nshingamateka yemeje iryo tegeko kuri uyu wa gatatu. Itegeko rugena amafranga reta izokoresha muri uyu mwaka w’ 2019-2020. Abashingamateka 113 bari bitavye ibikorwa iryo tegeko ryatowe n’abashingamateka 112 umwe ararihakana. Iryo tegeko rigena amafranga reta izokoresha ntaho rivuga ibijanye n’amafranga atekererwa abashingamateka bahejeje ikiringo.  Ako gace katashizwemwo karacanishijemwo abatowe n’abanyagihugu. Abo mu runani Amizero […]

Abatozakori ba komine Gitega batandatu bahagaritswe n’igipolisi 

Jeovanie Bukeyeneza, Experius Bigirimana, Christ, uwitwa Claude, Dagobert na Evode bose ni abakozi ba komine Gitega mu ntara ya Gitega, hagati mu gihugu bahagaritswe ku wa gatanu igihe bagire baje mu nama y’akazi Uwabibonye avuga ko abo  batozakori ba komine Gitega bahagaritswe na komiseri atwara akarere ko hagati mu gohugu no mu buseruko mu gipolisi […]

Havugwa ubukene budasanzwe bw’amafranga y’agaciro i Bujumbura

Amafranga y’agaciro amaze indwi zibiri yabuzwe mu gisagara ca Bujumbura. Ibica bituma igiciro kuwuyarondera kiduga cane. Ivyo biraheza bikagira ingaruka mbi ku barwizatunga barangurira ibidandazwa vyabo mu mahanga. Ayo mafranga yabuzwe aho bita kuri “marché noir” hamwe no mu ma banki y’ubudandaji. Iyindi ngaruka mbi nuko ayo mafaranga aca aduzwa igiciro uko bukeye uko bwije. […]

Ibitoro vyo mu bwoko bwa mazutu vyasubiye gukena mu murwa mukuru w’ubutunzi

Mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, ibibanza vyose bitanga ibitoro kw’ibarabara rya mbere nta mazout bifise. No kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo nico kimwe Uruja n’uruza rw’imiduga yunguruza abantu ibatwara mu buraruko bw’igisagara rurahungabana kubera ubwo bukene bwa mazutu. Eka ndetse Ubwo bukene burakora no ku bindi bisata,Ukwinguruza ibikoresho vyo kwubaka bica bizimba. Ibeni y’umusenyi wo […]

Ubutunzi bw’ishirahamwe Sosumo bugeze aho umwansi ashaka.

Imilioni 12 z’amafranga y’amarundi niyo ishirahamwe sosumo ritakaza uko ukwezi gutashe. Imisi yose kuwaganu abategetsi indwi b’ishirahamwe Sosumo baca batekera bagana igisagara ca Bujumbura aho bavugako baba bagiye kuramutsa imiryango yabo. Abo bayobozi uretse amafranga y’impamba bitekera amamodokari bagiyemwo bagenda bayujuje igitoro. Ivyo biruko mu gihe ubutunzi bw’ishirahamwe bugeze ahatemba mbere abakozi bakaba baratswe uburusho […]