Abagabo babiri baramaze imisi itanu mu gasho k’igendereza mu ntara ya Cibitoke. Basinzikarijwe ubuzima n’abakozi b’igendereza. Amasoko yacu mu gipolisi avuga ko bafatiwe ku mutumba Ndora,komine Bukinanyana, intara ya Cibitoke, (uburaruko bushira uburengero bw’Uburundi) n’uwutwara igendereza. Ayo masoko nyene avuga ko bagirizwa gushinga umugwi w’abagwanyi. “Barakuhiswe bikomeye,nta wurekuriwe kubaha ivyo kurya no kubaraba”, niko umupolisi […]