Abagabo babiri basinzikarijwe ubuzima bafungiwe mu gasho k’igendereza mu Cibitoke haraheze imisi itanu

Abagabo babiri baramaze imisi itanu mu gasho k’igendereza  mu ntara ya Cibitoke. Basinzikarijwe ubuzima n’abakozi b’igendereza. Amasoko yacu mu gipolisi avuga ko bafatiwe ku mutumba  Ndora,komine  Bukinanyana, intara ya  Cibitoke, (uburaruko bushira uburengero bw’Uburundi) n’uwutwara  igendereza. Ayo masoko nyene avuga ko bagirizwa gushinga umugwi w’abagwanyi. “Barakuhiswe bikomeye,nta wurekuriwe kubaha ivyo kurya no kubaraba”, niko umupolisi […]

Indyane zishingiye kuri poritike ziribonekeza mu Cibitoke

Abanywanyi ba Frodebu na Uprona baridoga kubera agasotoro kagirwa n’Imbonerakure. Abarongoye iyo migambwe basaba abajejwe intwaro n’umutekano guhagurukira ico kibazo. Ako kamo katewe inyuma y’aho hareye ibikorwa vy’agasomborotso muri ino misi. Kuwa 15 Kigarama, umurima w’itomate w’umunywanyi wa Uprona aba kuri Transversale ya 6 ku musozi Kagazi muri komine Rugombo wararanduwe n’Imbonerakure. Bukeye bwaho, ishusho […]

Imvura y’isegenya yahitanye abantu barenga cumi mu buraruko bwa  Bujumbura

N’imiburiburi abantu cumi na babiri bapfuye kubera isegenya yasitaguye imisozi n’amazu mu buraruko bwa Bujumbura mw’ijoro ryakeye. Karatiye za Nyabagere na Uwinterekwa, muri  zone ya Kamenge ni zo zabangamiwe cane. Ibiziga cumi na bibiri nivyo vyakuwe mu bihomoka vy’amazu yabomowe n’imvura y’isegenya yaguye mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana. Abantu barenga mirongo itatu barakomeretse abazimiye nabo […]

Indorerezi zine zifungiwe muri komisariya ya Rumonge

Jean Claude Niyongabo, Jérémie Ndayizigiye na Anitha Ndihokubwayo bose abanywanyi ba CNL na Jean Bosco Bucumi umunywanyi wa Uprona yegereye  reta bafungiwe muri komisariya y’igipolisi ya  Rumonge. Bagirizwa guhungabanya igikorwa co kwandika abazotora bashasha. Jean Claude Niyongabo na Jean Bosco Bucumi bahagaritswe igenekerezo rya 10 Kigarama ku mutumba Cashi muri komine Bugarama. Indongozi za CNL […]

Ibiziga bitatu vyatowe mu ruzi Rusizi

Ivyo biziga vyari vyatanguye kuborera ku nkengera za Rusizi vyobonywe ejo inyuma y’umutaga n’ababa ku rya 3, muri zone ya Gasenyi, muri komine Buganda intara ya Cibitoke, mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi Ababibonye bavuga ko ivyo biziga vyariko ibikomere. Abanyagihugu bategetswe guca babihamba ubwo nyene. “Badutegetse guhamba ibiziga hatamenyekanye abishe abo bantu”,niko ababa mu Gasenyi […]

Ukwezi kwa Kigarama n’ukwezi kwibutsa abarundi benshi Igitero ku makambi ya gisirikare ya  Bujumbura 

Intahe zishingwa Inyuma y’imyaka 4, John* yari mu bakoze igitero aribuka : «Twari imigwi ibiri, umwe wo gutora ibigwanisho mu makambi,uwundi wo gukingira uwa mbere. Jewe nari mu bategerezwa kuja gutora ibigwanisho». Abandanya ati : «Twarinjiye turazitora . Dusubiye inyuma ,abasirikare benshi bavuye mw’ikambi  Muha baratuzingiye. Bafashijwe n’abandi bo muri ISCAM no mw’ikambi bita  para, […]

Gitega yagirije icese Kigali kandi ivuga ko izokwihora mu gihe vyosubira 

Mw’itangazo ryasohotse ejo, umuvugizi akaba n’umunyamabanga mukuru wa leta yemeje ko Uburundi bwatewe n’imigwi yavuye mu Rwanda. Nya gitero cabaye mw’ijoro ryo ku wa 16 rishira 17 munyonyo. Prosper Ntahogwamiye yavuze ko igisirikare c’Urwanda cakoze igitero ku birindiro vy’abasirikare b’Uburundi biri ku musozi Twinyoni ku mutumba Marura, mûri komine ya Mabayi . ‘’Iki gitero ciyongera […]

U Burundi buragabisha amakungu ko budashobora kwihanganira ivyo bita agasomborotso k’u Rwanda

U Burundi buvuga ko “butazosubira kwihanganira agasomborotso k’u Rwanda”. Mw’itangazo ririmwo amajambo akomeye asa n’icavutu, u Burundi busa nuko buriko  buraburira bwongera bugabisha, leta y’u Rwanda kubera ibitero vyisubiriza ruheruka kugaba ku Burundi”. Umunyamabanga wa leta y’u Burundi akaba n’umuvugizi wayo, Prosper Ntahorwamiye, yavuze ko u Burundi ”buzofata ingingo zikwiye kuko budashobora kwihanganira ivyo bitero. […]

Tanzanie n’u Rwanda barashize hamwe igikorwa co kwubaka ibarabara ry’indarayi ry’uburebure bw’ibilometero 400 km

Ama reta y’ibi bihugu u Rwada na Tanzaniya bariko barasozera ibiganiro ingene iryo barabara ryokubakwa. Iryo barabara ry’i  Ndarayi rizohuza ikivuko ca Isaka n’igisagara ca Kigali nkuko vyamenyeshejwe kuri uyu wa gatatu na  prézida wa Tanzaniya, John Magufuli. Mu kiganiro caciye kuri Television yico gihugu. Prezida magufuri yavuze ko iryo barabara rizoba rifise uburebure bwa […]

Burundi : Imbonerakure zaranse ishirwa mu ngiro ry’urubanza rwaciwe na sentare

Dorothée Niyonkuru, Edmond Ntakiyisumba, Béatrice Niyonizigiye, bose ni abacamanza ba sentare y’intango ya Bururi mu buraruko bw’u Burundi, hamwe na Hyacinthe Havyarimana, umwanditsi muri iyo sentare nyene barakubaguwe n’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD zo ku mutumba Mudahandwa zirongowe n’umukuru wuwo mutumba. Amakuru ava muri bamwe mu bakora mu gisata c’ubutungane i Bururi, amenyesha ko izo mbonerakure zaje […]