U Burundi burabanagamiwe n’ikiza c’indwara ya Malaria ariko abatware bo bavuga ko ari ibisanzwe

U Burundi burabangamiwe bidasanzwe n’indwara ya malariya abatware mu gisata c’ubuvuzi bavuga ko ari ibisanzwe kandi yaramaze gusikira ibitigiri vy’ikiza. Abantu barenga 1 800 baramaze gupfa kubera ico kiza kuva uyu mwaka utanguye nkuko vyerekanwa n’ishirahamwe ry’ishami rya Onu rikora amatohoza mu Burundi OCHA. Ivyo bitigiri biruta kure niyo abamaze kwicwa na Ebola mu mwaka […]

Kwipimisha umugera wa Sida kubavyifuza ntibigikorwa mu ntara ya Kayanza

Iyo ngingo ibuza abifuza kwipimisha umugera wa Sida kubavyifuza yafashwe n’abarongoye igisata c’ubuvuzi muri iyo ntara. Umwe mu baganga bakorera mu Kayanza asigura ko ari ingingo yafashwe kubera hari ubukene budasanzwe bw’ibikoresho kubera kubura amafranga. «Gupima umugera wa Sida bitwara amafranga menshi kandi nta buryo dufise bwo kubikora.Nico gituma twafashe iyo ngingo haba ku mavuriro […]

Ikiza ca Ebola cibonekeje mu gisagara ca Goma

Ishirahamwe rytaho amagara y’abantu kw’isi OMS riraja gukoranya komite yaryo kugira barabire hamwe ingingo zihuta zofatwa kugira bakinge ico kiza.  Kuri uyu wa mbere i Goma, mu buseruko bwa RDC, abakorera mu gisata co kurwanya Ebola barrongereje inguvu bidasanzwe kugira bahangane nico kiza kuva hibonekereje umuntu afise ibimenyetso vy’indwara ya Ebola. Ibintu vyasa nibimaze igihe […]

Impene zirenga 400 zarapfuye biturutse ku ndwara itaramenyekana mu ntara ya Ngozi

Buramatari wiyo ntara Albert Nduwimana yahagaritse idandazwa ry’ibitungwa vy’impene n’intama. Ivyo bitungwa kandi abungere nabazitunze babujijwe kuziturutsa no kuziragira kure y’imihana yabo. Iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo kugerageza gukinga ngo iyo ndwara ntikwire hose. Inyama kandi zivyo bitungwa zabujijwe kudandazwa co kimwe nivyo bitungwa. Mw’ikete ryuwo mutware, avuga ko ibitungwa 403 zarapfuye biturutse kuri […]

Imyidogo ni myinshi ku bakora mu gisata co kurwanya ikiza Ebola.

Abaforoma bashizwe ku bibanza bicungera ikiza Ebola bishuza amezi atatu y’amafaranga y’induhuro aho baheraniwe na Reta ibirarane vy’amezi atatu. Abo baforoma bakavuga ko bagishirwa muri ico gisata, bâri bemerewe amafaranga 10 000 ku musi yiyongera ku mushahara. Ariko kuva bagitangura ko haba gucererwa birenze mu guhembwa, bagasaba ubushikiranganji bubatwara kubishura umushahara w’amezi ashika kuri atatu […]

Kur’uno w’imana haratunganijwe amahiganwa yiswe “cross country” ku rwego rw’igihugu. 

Uwurongoye ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu gihugu c’uburundi amenyesha ko ayo mahiganwa yatunganirijwe mw’ikambi ya muha, arongera kw’ayo mahiganwa yatunganijwe mu ntumbero yo gutora abanonotsi ba mbere mu gihugu, bakazoserukira igihugu mu mahiganwa mpuzamakungu yo kwinonora imitsi “cross country” azobera mu gihugu ca Denmark  Dieudonné KWIZERA batazira Muvuduka, asanzwe aramutswa ishirahamwe ry’abanonotsi akavuga ko yizeye […]

Gitega:Abana batari bake bafashwe n’indwara yo gufungura nabi Kwashiorkor

Ikigo gifasha kuvura abana barwaye indwara zo gufungura nabi co ku bitaro bikuru vy’i Gitega hagati mu gihugu c’u Burundi,kibandanya kwakira abana bafise ingorane zo gufungura nabi bamwe muri bo barwaye indwara ya Kwashiorkor. Aya makuru tuyakesha umwe mu baganga bo kuri ivyo bitaro atashatse kumenyekana. Atanga akarorero k’umwana apima ibiro 10 gusa kandi mu […]

Kuba yibagiye igikoropesho kw’ishure” ico akaba arico catumye umwigisha azwi kw’izina rya Matthieu MBARUSHIMANA ahana mu gukubita umunyeshure wiwe Cedric BIGIRIMANA

Kuba yibagiye igikoropesho kw’ishure” ico akaba arico catumye umwigisha azwi kw’izina rya Matthieu MBARUSHIMANA ahana mu gukubita umunyeshure wiwe Cedric BIGIRIMANA gushik’aho igiti c’umugongo ciwe kihasinzikarira kikavunika,nyuma y’indwi akabona kuhasiga ubuzima kubw’iyo mvo. Cedric yar’umunyeshure wo mu mashure mato mato mu mwaka wa 5 akaba yarafise imyaka 12 akomoka mu ntara ya Gitega comine Bihanga. […]

Kuva mu mwaka 2015 abanyeshure bababa 3700 nibo bamaze guheba amashure bitumwe no gutwara imbanyi batifuza.

Ubushikiranganji bw’indero butera akamo abo bose bafise ico bofasha ngo batabaranye mu kugarukira abana b’abigeme b’u Burundi bageramiwe no gutwara inda z’indaro zituma baheba amashure bakabaho ubuzima bubi. Ibiharuro biherutse gutangwa n’ubushikiranganji ku musi mpuzamakungu wahariwe ivyigwa ku mwana w’umwigeme, vyerekanako ubwo bushikiranganji bwasanze kuva mu mwaka w’2015 abana babakobwa bamaze guheba amashure bitumwe no […]