Abaserukira ishengero ry’aba adventiste b’umusi w’indwi babiri bari mu mvuto

Haraheze ukwezi kurenga iryo shengero rifise ingorane z’indongozi muri iryo shengero. Abasengera muri iryo shengero bavuga ko ikibazo ahanini gihagaze kukuntu abajejwe intwaro baza kwivanga mw’itunganywa ryiryo shengero. Abungere babiri biryo shengero barafashwe kuva kuruyu wa gatanu. Abo nabo ni Lambert Ntiguma hamwe na Lameck Barishinga. Abasengera muri iryo shengero bemeza ko Lameck Barishinga ariwe […]

Abasenyeri Katholika b’u Burundi baraye bihanije ko ata muntu numwe atari umupadiri azosubira kuvuga amajambo mu nkuka y’imisa

Mu abategetsi b’u Burundi bafashe ingendo yo kwiha ijambo mu misa, abasenyeri bavyanse bivuye inyuma bavuga ko atana hamwe vyanditswe mu ndinganizo ya ekeleziya Katolika. “Abakirisu bamwe bamwe na bamwe mu ntwaro baramaze imisi bafata amajambo mu nkuka y’imisa, nkuko umenga imisa yahinduwe ikindi gisabisho cose gisanzwe abantu bahuriyemwo.” Nkuko biri mw’itangazo risozera inama y’abepiscopi yabaye […]

Amafranga yababa imiliyaridi zibiri y’amarundi niyo yegeranijwe mu gikorane c’amashimwe catunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD i Gitega

Amakuru ava mu begereye umugambwe CNDD-FDD avuga ko amafranga angana umuliyaridi umwe ,imiliyoni amajana umunani na mirongo ine  hamwe n’ibihumbi mirongo irindwi na bine n’amajana abiri n’amahera mirongo irindwi n’atanu (1 840 074 275 Fbu ) ariyo yatojwe mu gikorane giherutse kubera mu ntara ya Gitega.ayo mafaranga yavuye mu ntara ziatandukanye ndetse no hakurya y’amazi. […]

Bubanza Musigati :Umuvuga Butumwa yafuzwe Yagirizwa Gutuka Ishengero rya Katolika

Igikorane c’aba adventiste bumusi w indwi kizomara indwi 2 kiriko kiraberavi Musigati catanguye Itariki 7/7/2018 Kuwakabiri Itariki 17 umuvuga butumwa mwisengero ry Adventiste ry umusi w indwi yo kw’i Taba i Musigati yafatwa nabajejwe umutekano yagirizwa gutuka ishengero rya katorika,yigishijeko Katolika basenga ibishushanyo ngo n’umwungere wayo papa ngo n’igisizimwe c’amahembe baca banongera kubagirizako bariko babuza […]