Monseigneur Joachim Ruhuna, yahoze ari musenyeri mukuru wa archidioseze ya Gitega yagandaguwe kuwa 9 nyakanga umwaka w’1996, ku nkengera z’uruzi Mubarazi rugabura komine Bugendana na komine Mutaho zo mu ntara ya Gitega. Ico gihe amakonine ya Gihogazi, mu ntara ya Karuzi na Bugendana na Mutaho mu ntara ya Gitega hari umurwi munini wabarwanyi b’umuhari Cndd-Fdd […]