Ubwoba ni bwinshi ku mpunzi z’abarundi bari muri Tanzaniya.

Kuva kumusi wa 6 w’indwi iheze igipolisi ca Tanzania  carihanikirije abarundi bahungiye mu kambi ya NDUTA gusubira kurenga imbibe z’ikambi.Bakaba  babahaye indwi zibiri.Kuva ico gihe reromu mashamba hirya no hino y’ikambi ya Nduta hanyagara abapolisi. Uwu ni mpunzi ivugako yabaguyemwo hari kumusi wagatandatu uheze  ariko agerageza kuja gusenya. Avugako ari benshi cane kandi ko agarutse […]

I Mabayi ingeso yo kwihanira yahatse indaro be n’ukwemera ibintazi.

Ivyo kwemera ibintazi bigeze aho abantu bicana. Vyabaye kuwa gatandatu uheze ku mutumba Nyagaseke wa komine Mabayi y’intara ya Cibitoke. Umutama w’imyaka irenga 60 yatewe n’abantu bitwaje imipanga n’amahiri bamutema umupanga wo mumutwe bamwagiriza uburozi, aca aracikana. Abajejwe intwaro n’umutekano ngo bagiye guhimiriza abanyagihugu ngo bavavanure niyo ngeso yo kwihanira no kwemera ibintazi. Melchiade Nzobarantumye […]

Ibihano ku Burundi vy’ubumwe bwa bulaya birabandanya

Abashingamateka b’ishirahamwe ry’ubumwe baratoye ingingo igumizaho ibihano ibihugu  vya bulaya vyafatiye u Burundi mu vy’ubutunzi. Abo bashingamateka basanze ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi nubu ritaracureha. Muri iyo ngingo basaba reta y’u Burundi kubahiriza ata guca ku ruhande amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro riyakomokako. Abo bashingamateka bakaba basavye ko ivy’amatora aherutse yo guhindura ibwirizwa […]

 Ibigo vya kaminuza y’u Burundi vyahindutse ikirimbiro ry’imbonerakure.

Ubwoba ni bwinshi mu banyeshure bari mu migambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD baba mu kigo ca Kaminuza co ku Mutanga. Kuri uyu wa mbere hatowe impapuro zitagira umukono zibagabisha ngo binjire muri uwo mugambwe ko abatawurimwo ata kibanza bafise muri kaminuza. Izo mpapuro zitagira umukono zije zikurikira agatotezo n’ihagarikwa canke inyuruzwa  ridakurikije amayegeko rya bamwe […]

Ingoro y’umugambwe Uprona mu ntara ya Cibitoke yarabomowe.

Mw’ijoro ry’uwagatandatu ushira uwa mungu ,ingoro y’umugambwe w’umuganwa Ludoviko  Rwagasore yarabomowe n’abantu bataramenyekana. Iyo ngoro iri ku murwa mukuru w’iyo ntara mu burengero bushira uburaruko bw’uburundi. Amakuru ava aho mu Cibitoke avugako ahari iyo ngoro bigoye kumva ingene yabomowe kuko ari hafi y’ikirindiro c’abajejwe umutekano kandi hakaba hakorwa ibikorwa vyo gukizura bikorwa n’imbonerakure mu masaha […]

Uruhigi ku banywanyi b’urunani Amizero y’abarundi muri komine Giharo y’intara ya Rutana.

Abanywanyi b ‘ urunani Amizero y’Abarundi ku mutumba wa Kibimba wa  Commune Giharo, intara ya Rutana,ni mu Buseruko bushira ubumanuko bw’u Burundi ; bariko batotezwa ngo batoye “OYA”. Bamwe baza bashitse mu gihugu kibanyi ca  Tanzaniya.  Abandi bitakunze ko bahunga babarizwa  mu gasho ka commissariat ya komine Giharo. Umukuru w ‘umutumba Kibimba  ari mu gasho. Uwurongoye […]

Inama igira iya 31 y’abakuru b’ibihugu n’ama reta y’ibihugu vy’umuryango w’ubumwe bwa afrika ku kibazo c’uburundi

Inama igira iya 31 y’abakuru b’ibihugu n’ama reta y’ibihugu vy’umuryango w’ubumwe bwa afrika, yarangiye isubiye kugira ivyo isavye bisanzwe ku kibazo c’uburundi. Mu cegeranyo c’umurwi ujejwe amahoro n’umutekano iyo nama yibutsa ko ikibazo ca politike mu Burundi kibaraje ishinga kuva muri nzero umwaka 2018, ko kandi bakoze ivyo bashoboye bafadikanije n’akarere ka Afrika y’ubuseruko kugirango […]

rubanza rw’abasikirikare n’abapolisi 18 bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu

Urubanza rw’abasikirikare n’abapolisi 18 bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, rwaraburanishijwe mu ntahe y’icese yo kuruyu wa mbere na sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura ishashe mw’ibohero rya Ngozi. Ababuranyi bamirira kure ivyo bagirizwa n’umushikirizamanza bakavugako nivyo afatirako basamvye mu gipolisi bavyemejwe n’amahiri nugusinzikarizwa ubuzima bidasanzwe. Basaba sentare ko itobikorerako mu ntumbero yo kubahiriza amategeko nyabuna bagafatira ku […]

Nkurunziza yateye igikumu kw’ibwirizwa nshingiro ritemewe na bose

Mu ngoro y’ikirimba c’umukuru w’igihugu iri mu ntara ya Gitega, Petero Nkurunziza yarateye umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha. Abamubonye na cane cane ku masanamu yaciye ku mboneshakure umwanya muto, vyaraboeka ko akanashijwe n’ukuguru kwiwe kw’ibubamfu aho biboneka ko akitswe n’amagara naho abo ku kirimba atanumwe acira amate hasi uko amagara yiwe yoba yifashe. Ico bikoze bamwe […]

Uko abapfungwa ba politike bafashwe mu Burundi na cane cane mwibohero rya Mpimba.

Abanyororo batanu bo mwibohero rikuru rya Mpimba bamaze imisi ine bapfungiwe mu vyumba vyikosorero.Bafashwe ku musi w’Imana bari kumwe n’abandi banyororo mu rugendo rw’isakaramentu ryeranda. Muri kino gihe baguma baburabuzwa n’abandi banyororo bita aba securite. Bagenzi babo bafise amakenga ku mutekano wabo kuko n’ibifungurwa babironswa bigoranye. Abo banyororo ni : -Nathal Ndayongeje -(uwitwa) amiable -(uwitwa) […]